top of page

GreenHealthy Circle _(Burundi)

Public·10 members

Kwisonzesha ku Bushake: Uburyo Bwo Kwisukura

Amagara meza si igikorwa ukora rimwe ngo bihere, ni uruvange rw’utuntu twinshi ukora buri munsi. Twese tuurazi ya mvugo igira iti: "Turi ico turya." Ariko rero, ico twari dukwiye kwongerako ni iki: "Turi n’igihe n’uburyo turiramo."

Uyu munsi, tugiye kuyaga ku kintu kenshi bita umutwaro, ariko ari ryo banga rya mbere ry’amagara meza: Kwisonzesha (Jeun).


Kwisonzesha ni iki?



Mu ncamake, Jeun  ni uguhagarika gufungura ibiribwa bimwe na bimwe (canke byose) mu gihe gishinzwe kandi ku bushake. Si inzara y’agahato, ni intambwe uba uteye yo gufasha umubiri wawe.





Ikitonderwa: Iyi si inyigisho y’idini, aya ni ama "faits" ya siyansi yerekana uko umubiri wawe ukora.

Kuki dusingeye Kwisonzesha?


Iyo ufungura umwanya wose, umubiri uronka isukari (Glucose) nyinshi ivuye mu ndya. Iyo maze isukari ibaye umurengera (nkiyiva mu tuntu dusosa, beignets, snacks), umubiri uca uyibika mu buryo bw’ibinure (Graisses/Fats). Ivyo nivyo bituma tuvyibuha cane, bigatuma n’umutima ugira ibibazo.


Iyo wisonzesheje, habaho ibintu bitatu bikomeye:


  1. Gukoresha Ibinure: Umubiri ubuze isukari ivuye hanze, uca utangura gufata vya binure wabitse ukabihindura inguvu (Energy). Aha niho umubiri utangura kwisukura.

  2. Gukora Isukari nshasha (Glycogenèse): Umubiri utangura kwihingurira isukari yawo bwite ikwiye kugira ngo ubwonko n’ingingo bikore neza.

  3. Kwica imigera (Autophagy): Iyo umubiri ushonje ku bushake, uca utangura kwica ama cellules adakomeye canke amwaye (cellules faibles). Ibi birafasha cane mu kwirinda indwara zikomeye nka Cancer.


Uburyo 3 bwo Kwisonzesha


  1. Gukurikiza Isaha y’Umubiri (Circadian Rhythm): Ufata umwanya wo kurya uri hagati y’amasaha 8 na 12 (urugero: kurya saa yine z’igitondo na saa kumi n’ambiri z’umugoroba gusa). Ibi bifasha umubiri gukora reparation yawo neza muri wa mwanya utariko uraryamo.

  2. Kurya Ibitongera Ibisukari (Low Calorie/Sugar Fast): Aha wihereza indya zitagira isukari nyinshi (nk’imihora, ibibeignets, imicungwa isosa cane). Ibi bituma umubiri uja muri "Therapy" yo kwisukura.

  3. Kwisonzesha iminsi: (Prolonged Fasting): Hari n’abahitamo kumara umunsi wose canke irenga barya bike cane. Ibi bituma umubiri uva ku gukoresha isukari (Glucose) ugatangura gukoresha Ketone—ubundi bwoko bw’inguvu nziza cane ku bwonko n’umubiri.


Akamaro ka Fasting mu ncamake:


  • Ubwonko burahungukira: Bituma uza uriyumvira neza (Mental Clarity & Logic). Ntuvyitiranye n’inzara y’agahato ituma uca wononekara; ubu ni uburyo bwo "gu-boosta" ubwonko.

  • Kwirinda Indwara: Birinda umuvuduko w'amaraso, Obesity, na Diabetes.

  • Kugabanya Ububabare (Inflammation): Bifasha kugabanya uburwayi butandukanye bw’indani mu mubiri.

  • Kugira mu munda hashimishije: Bifasha kumanura ibiro no kugira "Taille" nziza.


 Kwisonzesha si ukureka ivyo kurya gusa, ni uguhereza umubiri wawe akaryo ko "kwisana" no "kwisukura."

36 Views
bottom of page