top of page

GreenHealthy Circle _(Burundi)

Public·10 members

Amaso yacu 👁️👁️



Amaso ni ingingo zigize umubiri zifise akamaro kadasanzwe ko kubona neza ibintu bidukikuje. Mu biharuro OMS iheruka gukora, ivuga ko ingwara z’amaso ziriko ziragwira cane. Ivyo bivuze ko muri 2050, presque la moitié y’abari kw’isi bazoba bagwaye amaso (myopie) hamwe uwo muvuduko woba ukibandanya.


Reka turabe ibibitera n’ukuntu twokwirinda:


1. Uko amaso ashobora kutabona neza (Erreurs de réfraction)


Ni igihe ishusho idashika neza ku gice c’ijisho citwa rétine:


Myopie:Kubona kure bigoye (ubona ibiri hafi neza).


Hypermétropie: Kubona hafi bigoye (ubona ibiri kure neza).


Astigmatisme: Ibintu ubibona bibayeho canke bidatomoye (flous).


Presbytie: Kubona hafi bigabanuka uko umuntu ashaje (nyuma y’imyaka 40).


2. Indwara z’Amaso zikomeye


*Cataracte: Iyo (cristallin) karapfutse, uca ubona ivyijiji.

* Glaucome: Umunwa w’amaso uvyimba (pression y’ijisho) uca utera ikibazo ku mwijima w’amaso (nerf optique).

* DMLA:Itikiza igice c’ijisho gifasha kubona neza hagati.

* Rétinopathie diabétique:*Iyo ufise (diabète) ironona imitsi y’amaso.

* Indwara za cornée: Amaso ashobora gusazirwa canke kwononekara.


3. Ibindi bibazo


* Rétine:Gutandukana kwayo (décollement) canke umugozi w’ijisho (nerf optique) ushobora kwangirika canke kwuma.


* Imirire mibi: Kubura *vitamine A* (ntubona mw’ijoro, amaso akama) hamwe na *zinc, oméga-3, vitamine C na E* (bifasha kurinda rétine).


* Ibikomere: Inkuba, gukomereka kw’ijisho, canke udukoko nka *trachome* na *kératite*.


4. Imigenzo mibi mu buzima


* Kurushwa n’amaso: Kwirirwa ku mashini (écran) canke gusoma cane.


* Itabi: Vyongera amahirwe yo kurwara cataracte na DMLA.


* Umuco mwinshi: Kuribwa n’urumuri rw’umuco (UV) cane ata masunzu yo kurinda.


* Indwara rusangi:Diabète, hypertension, sclérose en plaques, canke kubitora mu muryango (génétique).




Uburyo dushobora kwikingira amaso


1. Ibijanye n'écran: Hagarika gukoresha cane téléphone canke imashini mw’ijoro igihe ugomba uryame; birirwa bironona amaso. Irinde gukoresha amaso ahantu umuco udakwiye.


2. Ibijanye n'itabi n'inzoga: Hagarika itabi n’inzoga cane kuko bironona amaso.


3. Guha umubiri ivya nkenerwa:


* Zinc: Ibigori, ingano, imisoma.

* Vitamine A:Ama carottes, épinards, ibijumbu.

* Vitamine E:*Sésame, amavuta ya tournesol, épinards.

* Omega-3:Amafi, sésame.

* Vitamine C:Tomates, ipapayi.



🥗 Inyigisho y'Akabirya: Régime k’Amaso


Mu ntumbero yo kugira vision nziza, urashobora kuza urafata kano régime nka rimwe mu ndwi:


1. Amashu: Kase neza, uca mu mazi ashushe kugira wice imigera.


2. Carottes: Zironze neza, ukazikata mu dupande dutoduto.


3. Oignon rouge: Zikase neza.


4. Cocombre: Zikase neza umaze kuzironga neza.


5. Itomate: Zikase neza umaze kuzironga neza.


6. Gushirako vinaigre canke indimu (citron):Kugira wice imigera.


M.N: Iyi ngaburo irafasha amaso igakosora n’utunenge, ariko utazigiriye isuku neza uba wikwegeye izindi ngwara. Ronga vyose neza de préférence mu mazi ashushe.


Murakoze cane abashoboye gusoma message yose.


🍀🍀 Green healthy circle🍀🍀


17 Views
bottom of page