Woba uzi ingwara yitwa Alzheimer?

Nuyumve kumatwi ariko ntuzoyigware 😌 kuko ni ingwara idakira kandi itwara n’uburyo bwinshi kugira bayipfupfahaze 😏.
⁉️ Ati rero iyo ngwara ninyabaki?
* Iva kuki?
* Igufata gt?
* Twoyirinda gt?
🍀🍀 Kaze muri Greenhealthycircle 🍀☘️
Alzheimer ni iki?
Alzheimer ni ingwara y’ubwonko igenda irya buhoro buhoro uturemangingo tw’ubwonko (neurones). Iyo umuntu ayifise, ubwenge n’ukwibuka bigenda birahungabana buhoro buhoro.
Hari ama protéine abiri ($\beta$-amyloïde na protéine tau) yikorana nabi mu bwonko, igatuma uturemangingo tw’ubwonko (neurones) twononekara. Iyo uturemangingo twinshi twononekaye, ubwenge n’ukwibuka birahungabana.
Iva kuki rero? 🤔
1. Ubusaza: Igitigiri kinini kimenyekana cabayirwaye ni abantu bashaje.
2. Impamvu za génétique: Y'umuryango ituma hakorwa $\beta$-amyloïde ikaba nyinshi cane, cerveau ntishobore kuyisohora.
3. Maladie chronique: Indwara z’amaraso n’umutima (diabète, cholestérol,..) vyose bishobora kubangamira uburyo ubwonko bwisukura.
4. Ibimenyetso vy’ikirere n’imibereho: Uburozi mu mubiri (radicaux libres, inflammation,..), kudakoresha ubwenge no kudakora imyimenyerezo ngororangingo.
Ibimenyetso vyayo, ifata gute?
1. Kwibagira cane: Na cane cane ibijanye n’ivy’ubu. Aha rero ntibisanzwe kuko ushobora kumubwira izina ryawe, inyuma y'umunota akaba yakwibagiye nisura, muhuye ukamengo akubonye ubwambere.
2. Kudashobora gusigura neza: Ivyo ashaka kuvuga.
3. Guta inzira: Canke kwibagira aho ari.
4. Guhindura ingeso: Canke amarangamutima.
5. Kugenda atakaza ubushobozi: Bwo kwiyitaho (kwiyambarira, guteka, n’ibindi vyinshi).
Aha rero ikibabaje nuko benshi bamenya ko ari ingwara iyo hageze kukimenyetso co kwibagira cane birenze urugero, ariko benshi barayigwara ntibabimenye kuko umuntu agenda arahinduka no mungeso bukebuke.
Iyo ngwara irababaza cane abagwajije umuntu kuko usanga bigoye kumuvura. Iyumvire nawe nkubu uriko ukoresha téléphone après 12h ica yiformata, woshobora kuyikoresha?
Twoyirinda gute?
1. Gukoresha cane cerveau: Mu buryo bwiza (gukina imikino nsozabwenge, méditation, gusoma ibitabo, kwiga ibintu bishasha).
2. Kugira amahoro no kunezerwa: Ivyo bituma mu bwonko hasukurwa arya ma protéine (b-$\beta$-amyloïde na protéine tau) bisukurwa ntibishobore kwonona ama neurones.
3. Gufungura Neza.
4. Kwirinda ama écran: Aha rero birakomeye kuko turi muri generation umwanya wose umuntu ari kuri téléphone canke ordinateur kandi izo lumière bleu zironona cane ama neurones, ninayompamvu abana biki gihe badafata ku mutwe (mémorisation) nkabakera.
Sindababujije gukoresha ama écran ahubwo niku limita umwanya uyikoresha. Kirazira gukoresha téléphone ijoro ryose mu mwanya wo kuruhuka.
5. Gusinzira umwanya Ukwiye: Aha rero iyo usinzira neza ntushobora kuyigwara kuko cerveau iri regenera igasohora naza protéine tau na b-$\beta$-amyloïde.
Ndashimira abantu twigira hamwe mukabishira no mu ngiro. Muhezagirwe ✨✨
🍀🍀 Greenhealthycircle 🍀☘️

Alzheimer 😅😅