top of page

GreenHealthy Circle _(Burundi)

Public·10 members

Grippe:Gutahura Vyinshi Kuriyo Nuko Uyifatamwo

Ni grippe?Nibicurane?
Ni grippe?Nibicurane?

Abantu benshi baritiranya rhume (ibicurane) hamwe na grippe ariko nagomba nkubwire ko grippe ni ingwara ibabaza cane kandi yica(canecane mu bihugu hari ubukanye bwinshi).

Gukengera iyi ngwara ni kimwe gituma benshi basinzikara cane.


Iyi ngwara iterwa n'umwandu wama virus 🦠 kandi irandukira cane mu mwanya muto.

Abahinga benshi bavuga ko idakira bivanye nuko izo virus kenshi ziba ziri mu mubiri ariko ata bushobozi zifise kuko umubiri uba ukomeye kandi ushoboye kubigwanya.


Mu gihe rero virus zibaye nyinshi umubiri ukagira intege nke uca uremerwa umuntu agaca agwara. Kandi muri izo virus Hari izikaze cane (ex: SARS COV2 ou covid-19) nizindi zisanzwe.


👉Ibimenyetso: gushuha cane, kumeneka umutwe, gucika intege, kwumva iminzerere mu matwi, kubura itiro mwijoro,... Kenshi birajana ninkorora.


🧐 _Ikiyitera_:


Iyi ngwara iva ahanini kuntege nke zumubiri bivuye kuburuhe canke kukuremerwa nubwandu bwabaye bwinshi mu mubiri.


Yandukira mu kuramukanya, gusomana, guhema impwemu zanduye, wandujwe nuwuyigwaye.


✅ _ni gute tworwanya iyo ngwara?


1. Niwirinde ko wanduzwa nuwuyigwaye, gukara kenshi mu ntoke mu gihe wikeka ko waramukanije nuwanduye;


2. Irinde ivumbi;


3. Kuruhuka Neza no Gukora sport


4. Gukomeza abasoda bumubiri mu kwihereza uyu mutobe:


Fata indimu, ibitunguru(oignon rouge), gingembre.

Katagura indimu, igitunguru na gingembre(canke ukayirapa) mu duce dutoya.(Kundimu sinavuze gukanya,oya. Nikuyikatagura ugaca uyishira hamwe n'ibindi).


Vyose ukabishira hamwe ugaca ushiramwo igice cigikombe canke igikombe cose ugaca ushira kumbabura. Bibize urashobora gushiramwo ubuki, (utaburonse ntaco) hama ugaca wihereza.


N.B: Uyu mutobe nuwikimazi cane kuko ukoreshwa mu kwikingira ndetse no kwivura. Urasukura umubiri hama ugaca ukomeza nabasoda bumubiri. Uyu muti nimwiza cane kurusha irya miti benshi bihereza burikanya. Donc ukicumva akamenyetso gato ca uwufata uzoba uhagaritse grippe.


Vaut mieux prévenir que guérir, simpaka urinde kugwara grippe kugira ufate uwo muti ariko niwawihereza kenshi ntaho grippe izoca.


Ukaba ufashijwe bisangize nabandi


🍀🍀Greenhealthycircle🍀🍀 kubwanyu.

Murakoze.

23 Views

Merci bcp

bottom of page