Ku-investissa mu Magara Meza: Umutahe Ukomeye Utazokwigera Wicuza!
- Elie Irumva
- Jun 13
- 2 min read

Hari ijambo nkunda kumva ngo:" ico umuntu ari canke ashaka kuba ukibonera mu bikorwa akora."
Investissa mu magara meza yawe, ntuzokwicuza.
1. Ku investissa mu magara meza yawe bisigura iki? Kuberiki dukwiye kubikora?
✅ Bisigura ngo gushira umutahe mu magara meza y'umubiri wawe, kuba conscient ko kugira amagara meza ubifisemwo uruhara.
✅ Dukwiye kubikora kubera utabikoze kare uravyicuza ukabikora umwanya warakurenganye.
Mubisanzwe umubiri wacu uri programmé bien sana kandi Imana yawuhaye ubushobozi bwo ku résista ingwara hafi nka zose mugihe ama cellule akiri en bonne état. Ushobora kuba utabitahura ariko iyaba uzi ko aho tubaye hose hari ibituma dushobora kugwara kuburyo bigoye no kuvyirinda, kandi ku munsi ku munsi umubiri urigwanirira cane ukica imigera itera ingwara kurugero rwo hejuru.

Iyo rero umubiri ubaye mu ntege nke direct uca ugwara kuko kuba utumva ubugwayi si kubera habuze imigera(ingwara) mu mubiri ahubwo nikubera umubiri ufise ubushobozi bwo kwigwanirira. Rero ivyari kuba vyiza cane kandi vyakamaro kwoba ugukomeza abasoda b'umubiri gusumba kwirinda mu bundi buryo bwose.
2. Gute twobikora??
Abantu benshi bibaza ko kugira amagara meza bisaba amahera menshi ariko sivyo, bisaba umutima utahura akamaro k'amagara meza.
Reka turabire hamwe utuntu dutoduto twotuma tugira amagara meza gusumba:
Kwirinda ihungabana ry'amahoro n'ubuzima bwo mu mutwe(stress):
kuko iyo ugiye muri stress hormone yitwa cortisol iyo ibaye nyinshi ironona ama cellule kuko ica ikora nkuburozi, abasoda mu mubiri bagata inkomezi, imitsi nsoza bwenge ikononekara.
Kunywa amazi ukivyuka(utaribrossa): kandi unwe menshi kumurango, ntuyanywe kubera wanyotewe 🚫, ahubwo uyanwe kuko bikenewe (1,5litres- 3litres).
Gufungura cane ivyamwa, intete, n'insoromano (fruits, céréales, légumes): kuko nivyo bikomeza cane abasoda b'umubiri.
Kugira sport régulièrement (échauffement, étirements, exercices physiques): bivugwa ko au minimum 30min/jour ya marche rapide.
Kwirinda ibifungurwa bihinguwe canke ama fast food: (bonbon, soda, pâtisserie industrielle, pain blanc 🍞, donc sucre raffiné 🚫).
Inyama: ni kuzigabanya kuwo bikundira azihebe.
Alcool, tabac, ikawa(caféine):** ivyo ubanze uvyihoze.
Irinde ibintu bituma ugira ibinure bibi: (graisse saturés :LDL) na excès de sel.

N.B:
Kugira amagara meza biragusaba kwitanga kuko iyo ushaka ikintu ukora ivyerekana ko ugishaka nyene.
.... Greenhealthy voice....
genre ikawa c'est comme du poison ?